Non-discrimination Policy – Kirundi-Bantu (Ikirundi)

 

ICITONDERWA: Nimba uvuga Ikirundi, uzohabwa serivisi zo gufasha mu ndimi, ku buntu. Woterefona [Number for Language Assistance Service] (TTY: [Number for TTY Service]).

 

Discrimination is Against the Law

Urwego [Your Organization] rurubaha amategeko ya Reta Zunze Ubumwe arengera uburenganzira bw’abanyagihugu kandi ata kuvangura rukora rwishimikije ubwoko, ibara ry’urukoba, amamuko, imyaka, ubumuga, canke igitsina. Urwego [Your Organization] ata muntu rukumira canke rufata ingene rutafata abandi rwishimikije ubwoko, ibara ry’urukoba, amamuko, imyaka, ubumuga, canke igitsina.

Urwego [Your Organization]:

  • Ruratanga ibikoresho na serivisi ku bagendana ubumuga ku buntu kugira ngo baronke ingene yo guhanahana amakuru na twebwe, ivyo rutanga hari:
    •  Abasemuzi b’ururimi rw’ibimenyetso bafise ubushobozi
    • Amakuru yanditswe ukundi kungene (ivyapa, amajwi, inyandiko z’ubuhinga bwa none, ubundi bwoko bw’inyandiko)
  • Ruratanga serivisi z’indimi ku buntu ururimi rwabo kama atari Icongereza, nka:
    • Abasemuzi bafise ubushobozi
    • Amakuru yanditwe mu zindi ndimi

Nimba ukeneye izi serivisi, wokwegera [Compliance Officer's Title and Name]

Nimba wiyumvira ko urwego [Your Organization] rwonanirwa gutanga izi serivisi canke rwovangura ukundi kungene rwishimikije ubwoko, ibara ry’urukoba, amamuko, imyaka, ubumuga, canke igitsina, urashobora gushikiriza idosiye yo kwiyamiriza: [Compliance Officer's Title and Name], [Your Address], [Compliance Phone Number], TTY: [Number for TTY Service], [Compliance Fax Number], [Compliance Officer's Email]. Urashobora gushikiriza idosiye yo kwiyamiriza ubwawe canke ukayirungika mw’iposita, kuri fagisi (fax), canke k’ubuhinga bwo kurungika amakete ku ngurukanabumenyi (email). Nimba ukeneye ubufasha k’ugushikiriza idosiye yo kwiyamiriza, [Compliance Officer's Title and Name] azogufasha.

Urashobora kandi gushikiriza idosiye yo kwiyamiriza ku bijanye n’uburenganzira bw’abanyagihugu muri U.S. Department of Health and Human Services (Bushikiranganji bwa Reta Zunze Ubumwe Bujejwe Amagara n’Imibereho Myiza y’Abantu), Office for Civil Rights (Igisata Kijejwe Uburenganzira bw’Abenegihugu), warungika idosiye zo kwiyamiriza ku ngurukanabumenyi muri Office for Civil Rights Complaint Portal kuri https://ocrportal.hhs.gov/ocr/portal/lobby.jsf, canke ukarungika ikete mw’iposita canke ugaca uterefona kuri:

U.S. Department of Health and Human Services

200 Independence Avenue, SW

Room 509F, HHH Building

Washington, D.C. 20201

1-800-868-1019, 800-537-7697 (TDD)

Inkaratasi zo gushikiriza idosiye zo kwiyamiriza ziraboneka kuri http://www.hhs.gov/ocr/office/file/index.html.